
Ireresi y’imigambi ibiri : Umugambi wo guteza imbere mu buryo burama mu kuronka imbuto, ivya nkenerwa mu burimyi n’ibikoresho vy’uburimyi mu makomine atatu yo mu ntara kama y’Ukumoso (PADASIO) n’Umugambi wo kugwiza ibiterwa birinda izuba (PRORES –KIRIZUBAMUGENZI) Iyi reresi yo mu mwaka wa 2019 yerekana ivyodufasha muri kazoza vyerekeye ingene iyo migambi ibiri yaranguwe, ivyagenze neza n’ivyagoranye bijanye no kuronka imbuto, ivya nkenerwa mu burimyi n’ibikoresho vy’uburimyi mu makomine atatu yo mu ntara kama y’Ukumoso (PADASIO) n’Umugambi wo kugwiza ibiterwa birinda izuba (PRORES –KIRIZUBAMUGENZI) mu Burundi. Iyo migambi yari yategekanije ubwa mbere : gufasha imiryango y’abarimyi kugwiza umwimbu w’ibiterwa bitandukanye kugira bashobore gushikira urwego rwo kugira ingaburo ibereye igihe cose mbere no mu gihe c’agahubo(itumba) kandi mu buryo burama hanyuma ubwa kabiri : gufasha kugabanya ingorane ziterwa n’hinduka ry’ibihe biciye mu kugarukana, mu kugwiza no mu gukwiragiza imbuto z’ibiterwa kama birinda ibura ry’amazi.
Iki gitabo kiri no mugifaransa (raba igitabo numero 110A.